Burundi
From Wikipedia
Uburundi n´igihugu kiri muri Afrika y´ubuseruko. Ikikujwe nu Rwanda m´uburaruko; Tanzania m´ubuseruko hamwe na Republika iharanira democratie ya kongo.
[edit] Akahise
Abashakashatsi bavuga y´uko Uburundi bwamyeho nk´igihugu c´ikukiye kuva mukinjana ca 16. Mu mwaka 1903 niho c´atakaza intahe y´ukwikukira igihe hashikiye abadagi. Haheze ingwano y´isi yose ya mbere caciye cegukira igihugu c´ububiligi. Baciye bagifatanya n´igihugu cu Rwanda: Rwanda-urundi. Kuwa 1 Mukakaro 1962 niho casubira kuronka intahe yaco y´ukwikukira irondewe n´umuganwa Rwagasore Louis. Yari umukuru w´umugambwe w'abadasigana UPRONA. Uburundi cari igihugu cifashe kandi cagutse.Munyuma ku ntwaro ya babiligi gitakaza bugufi imwe mu ntara yari nini, ica yegukira Tanzaniya.
[edit] Ubutunzi
Uburundi n´igihugu gitunzwe cane cane n´uburimyi hamwe n´ubworozi. Ibice 90% vy´abarundi nico bakora. Kuva 1993 ah´ingwano itereye bifatanijwe n´ibihano bwafatiwe mu 1996 n´ibihugu bibanyi vyo kwugara imbibe; ubukene bwariyongereye cane. Ubu Uburundi buriko buratororokana kuva aho hasinyiwe amasezerano hagati yimigwi yahora igwanya ubutegetsi hamwe nigisoda ca leta. Abahinga babona ko uburundi bufise kazoza keza.